UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

Nta hantu na hamwe mu Burundi harangwa ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu (Perezida Ndayishimiye)

UBM News ads

Umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye avuga ko ata hantu na hamwe mu gihugu c’uburundi harangwa ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu. Kubwiwe, ngo nta muntu numwe ari hanze y’igihugu yo murusha kumenya ibibera mu Burundi kuko ngo nakagize ngo karakomye ahari hohose mu gihugu arara akamenye kubera yahaye inomero ziwe za terefone abanyagihugu kugira bamubere ijisho. Varisito Ndayishimiye yabivuze kuri uyu wa mbere igihe yariko yishura ibibazo vy’abamenyeshamakuru ba radiyo n’imboneshakure RFI na France 24.

Perezida Ndayishimiye kuri mikoro y’abagenzi bacu ba RFI na France 24 ati :”Oya nukuri kugeza ubu nta hantu na hamwe baranyereka ko hari ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi, Ndazi neza ko uwukoze ubwicanyi n’ayandi mabi aca ategerezwa guhanwa. Nta numwe akora ivyaha ngo ntitumuhane.Ico mbere ndacikwirikiranira ubwanje, mbere murabizi narashize ahabona inomero zanje za terefone za whatsapp kubw’abanyahigu kugira igihe hagize ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu , abo banyagihugu bace bambwira kugira nanje ndabikwirikirane”

Perezida Ndayishimiye yagiriza abaguma batangaza ko mu Burundi haguma haba ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ko ari abashaka gucapfuza igihugu no gukwiragiza ibinyoma:
“None bigenda gute ngo umuntu ari hanze y’igihugu amenye ibibera mu gihugu n’abanyagihugu kubwabo atavyo bazi. Gute uwo hanze yobona ibintu na jewe ubwanje nta bona . Nibazako abavuga ko hari ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu mu Burundi ari abashaka gucapfuza igihugu no gukwiragiza ibinyoma”

Naho Perezida Ndayishimiye avuga ivyo, Ubuheruka vuba, Yariyemereye ko hari akarwi k’abicanyi gakorana n’abari mu nzego z’umutekano . N’umushikiranganji wa mbere Gervais Ndirakobuca nawenyene aheruka kwerekana ko ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu ryabaye ndanse mu bice bitandukanye vy’igihugu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments