UBM News ads
Tuesday, October 3, 2023
No menu items!
UBM News ads

RDC:M23 yasabwe guhagarika intambara no gusubira mu birindiro vya kera hatarenze kuri uyu wa gatanu.

UBM News ads

Abakuru b’ibihugu vyo mu karere igihugu ca Congo giherereyemwo basavye ko intambara n’ibitero hagati y’umuhari M23 ,Leta ya Congo na MONUSCO bihagarara guhera kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 25 Munyonyo 2022, igihe c’isaha cumi na zibiri zo ku muhingamo mu masaha yo mu karere. Bikaba biri mw’itangazo ryasohowe inyuma y’umubonano wabereye I Louanda mu gihugu ca Angola ejo kuri uyu wa gatatu.

Ibindi biri mw’iryo tangazo , M23 yasabwe kuva mu turere yafashe maze ugasubira mu turere warim,wo ubwa mbere , kandi uwo muhari uragabishwa ko mu gihe utobikora inteko za EAC Zizoca zihabwa uburenganzira bwo kuhabakura ku nguvu.

Abo bakuru b’ibihugu barangije bumvikanye gusubira kuzohurira I Bujumbura mu Burundi mu nama yo gusuzuma ko ivyo bumvikanye muri iyo nama y’I Louanda vyubahirijwe. Iyo nama ikaba yahuje Perezida wa Angola Joa Laurenco, umuhuza w’ishirahamwe rya afrika, Perezida w’uburundi Varisito Ndayishimiye arongoye iki gihe EAC, Perezida wa Congo, Felix Tshisekedi . Uyo mubonano warimwo kandi umushikiranganji w’imigenderanire w’urwanda , Vincent Biruta hamwe na Uhuru Kenyatta yahoze arongoye igihugu ca Kenya, iki gihe yagenywe na EAC kuba umuhuza mu matati igihugu ca Congo kirimwo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments