UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Nta biganiro bishoboka n’urwanda mu gihe batotanga abarongoye umuhari Red Tabara-Jérôme Niyonzima

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umunyamabanga mukuru wa Leta y’uburundi Jérôme Niyonzima avuga ko ata biganiro bishoboka n’igihugu c’urwanda mu gihe urwanda rutotanga abarongoye umuhari Red Tabara ngo bacirwe urubanza.Ibi yabivugiye mu ntara ya karusi mu kiganiro caremeshejwe n’abavugizi b’inzego za Leta y’uburundi kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 29 ntwarante.


Mu gihe abamenyesha makuru bamubaza ko hoba hari ibiganiro hagati y’uburundi n’urwanda, Jérôme Niyonzima yagize ati:«twarasavye Leta y’urwanda incuro nyishi ko baduha abarongoye umuhari Red Tabara wama uza kudurumbanya umutekano w’abenegihugu bitekaniye.rero nta biganiro bishoboka n’igihugu c’urwanda mu gihe batorungika abarongoye umuhari Red Tabara ngo bacirwe urubanza.kandi ntidushobora no kwugurura imipaka uburundi buhana n’igihugu c’urwanda mu gihe ivyo dusaba bitokwubahirizwa ariko ejo canke hirya y’ejo bakarungika abo dusaba nta kibazo ibiganiro birashoboka.»

Umubano hagati y’ibi bihugu warasubiye gutosekara mu ntango z’uyu mwaka wa 2024 mbere Leta y’uburundi yarahavuye irafata ingingo yo kwugara imipaka bihana n’igihugu c’urwanda.Leta y’uburundi yagiriza igihugu c’urwanda gucumbira abarongoye uuhari Red Tabara uheruka gukora ibitero I buringa mu ntara ya Bubanza hama n’ikindi gitero cabaye muri kigarama mu mwaka 2023 muri zone Gatumba.ivyo bitero vyose umuhari Red Tabara ukaba waravyemanze ariwo wabikoze.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments