UBM News ads UBM News ads
Saturday, April 20, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umugambwe CNL warasahuwe bimwe bikomeye-Nestor Girukwishaka

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Nestor Girukwishaka arongoye umugambwe CNL amenyesha aburundi n’amakungu ko inyuma y’ishirwaho ry’umurwi wo gusuzuma ubutunzi bwose bw’umugambwe CNL basanze umugambwe CNL warasahuwe bimwe bikomeye n’abahora bawutwara.muri raporo y’uwo murwi berekana:ikimangu c’umugambwe,imiduga,amafaranga,ama machini nyabwonko,ibikoresho vyo mu biro,n’ibindi bitarahera guharurwa.Nestor avuga ko mu misi ya vuba bazoshengeza mu butungane uwo wese yagize uruhara muri ubwo bunyonyezi.ibi yabivugiye ku ngoro nkuru y’umugambwe CNL iri ku mutanga Nord mu kiganiro n’abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatandatu twaraye turangije.


Nestor Girukwishaka yagize ati:«inyuma yaho dutanguriye ibikorwa nyezina vy’umugambwe cnl igenekerezo rya 23 ntwarante ku ngoro nkuru,twarashizeho umurwi wo gusuzuma ibikoresho vyose n’ubutunzi bwose bw’umugambwe CNL ariko nkuko raporo ivyerekana biboneka ko uumugambwe CNL wasahuwe bimwe bikomeye.haribwe ikimangu c’umugambwe,imiduga,amafaranga,ama machini nyabwonko,ibikoresho vyo mu biro,n’ibindi bitarahezwa guharurwa.rero mu misi ya vuba tuzoshengeza mu butungane uwo wese ari inyuma y’ubwo bunyonyezi.»

Mu gihe Abamenyeshamakuru baramubajije nimba umugambwe CNL ugiye kubandanya ari umugambwe utavuga rumwe n’ubutegetsi bwa Cndd-Fdd yabishuye ko atacahindutse mu nteguro zose n’imbono y’umugambwe Cnl mbere ko ugiye gukorana ishaka kugira witegurire neza amatora ari imbere mu mwaka wa 2025 ukanaramutswa n’igihugu.

Nestor Girukwishaka yemejwe n’itegeko N°530/1481/CAB/2024 ryo ku wa 23 ntwarante 2024 ko ariwe yemewe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu umutekano n’iterambere rusangi mu kurongora umugambwe Cnl inyuma y’ikoraniro kaminuza ryabereye I Ngozi ku 10 ntwarante 2024.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments