UBM News ads

Norwegian Church Aid igiye kwugara mu Burundi bitewe n-ukutemera iyubahiriza ry-ibitigiri vy-ubwoko mu bakozi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe mpuzamakungu Norwegian Church Aid rituruka mu gihugu ca Norvege riherutse kumenyesha abakozi baryo ingingo yo kwugara mu Burundi kumvo yuko iryo shirahamwe ridashobora kwemera ivyo ryategetswe n-abategetsi b-uburundi basaba ko haba ukwubahiriza ibitigiri vy-ubwoko mu gutanga akazi ku bakozi.Norwegian Church Aid | Kirkens Nødhjelp

Kubw-amakuru dukesha ikinyamakuru SOS Medias Burundi, ingingo yo kwugara burundu mu gihugu c-uburundi yafatiwe ku cicero gikuru c-iryo shirahamwe kiri Oslo muri Norvege. Iyo ngingo ikaba igiye gushirwa mu ngiro mu mwaka uza w-2022 mu kwezi kwa ruheshi. Ayo makuru nyene yemeza ko Leta y-uburundi yategetse iryo shirahamwe mpuzamakungu ko riha akazi abarundi  benshi bo mu bwoko bw-abahutu gusumvya abo mu bwoko bw-abatutsi.

ˮKu bakozi basanzwe bari ku kazi haraheze imyaka myishi abategetsi b-uburundi bagomba ko duhindura hama duhe akazi abakozi bashasha b-abahutu ku biharuro vy-ubwoko bategeka. Ikindi, ibihangange bikomoka muri CNDD-FDD bariko baravyivangamwo  kandi bagatera igitsure ishirahamwe‟ Niko abakozi ba Norwegian Church Aid batashimye kwivuga amazina bashing intahe.

Norwegian Church Aid rimenyesha ko ridashobora gukorera ku ka mwana wa mama canke ku moko mu gukumira bamwe habanje kworoherezwa  abandi. ˮ Dushaka ibikorwa vyiza mu ndinganizo yacu , nico gituma duhitamwo gushira umuntu mu kibanza akwiriye . Ntidushobora kwemera igitsure ca Leta y-uburundi . Duhisemwo kwugara naho bitatuvuyeko‟ Bivurwa n-umwe mu barongoye iryo shirahamwe ryafasha mu bisata bitandukanye vy-ubuzima bw-igihugu.

Tubamenyeshe ko Norwegian Church Aid ni ishirahamwe rukirisu rikorera ahanini mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu ntara ya Kirundo mu bisata vy-isuku, isukura hamwe no gutsimbataza amahoro hamwe no guhangana kw-ihindagurika ry-ibihe. Iryo shirahamwe rikaba rifise abakozi bagera kuri mirongo itatu.

 

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments