Leta y-uburundi ivuga ko atariyo yasavye urucanco rwa Covid-19

0

Mu nama yagirishije  kuri uyu wa kane ku ndongozi zo mu gihugu cose, Umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu n-iterambere rusangi  yagarutse kuvyerekeye itangwa ry-urucanco rwa coronavirus mu gihugu c-uburundi. Uwo arongoye ubushikiranganji bukomakomeye muri Leta y-uburundi asa nuwerekanye ko bemeye umwuzo w-urwo rucanco ariko batemeye.May be an image of 1 person and sitting

ˮDutahure neza, Banque Mondiale yatwemereye ko ishobora kutuzanira urucanco mu murwi w-igihugu ujejwe kurwanya covid-19, duti umuntu wese ashaka kutuzanira urucanco nazane turubike. Ico dukora nka Leta twarategekanije amafrigo muri CAMEBU na INSP. Umurundi wese azokwumva abishaka azoce agenda bamutere urushinge ku bushake bwiwe mugabo , ibizomushikira ntazabaze Leta‟ Niko Gervais Ndirakobuca yatanze  umuco ku bari mw-iyo nama.

Umushikiranganji Gervais Ndirakobuca akaba kandi yasavye ashimitse indongozi gusubira gushiramwo akariro kugira amabwiriza yo kwikingira coronavirus yubahirizwe. Na cane cane  mu bibanza bimwe bimwe bihuriramwo abantu benshi nko mu masengero aho basabwa gukaraba mu minwe  hamwe no kutaramukanya.