Thursday, December 1, 2022
HomeNewsLeta y-uburundi yemeye ku mugaragaro ko hatangwa urucanco rwa Covid-19...

Leta y-uburundi yemeye ku mugaragaro ko hatangwa urucanco rwa Covid-19 .

Leta y-uburundi ibicishije ku mushikiranganji w-amagara y-abantu no kurwanya SIDA akaba ari nawe ari icegera c-uwurongoye umurwi w-igihugu ujejwe kurwanya ikiza ca Covid-19 yamenyesheje ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu ko yemeye urucanco rw-uwo mugera ubangamiye isi. Urwo rucanco rukazotangwa n-ibanki y-isi yose.Burundi – Covid: 'Twahisemwo kuba turatenyenya' ku ncanco - BBC News Gahuza

Umuganga Thadee Ndikumana yamenyesheje ko uwo murwi wakoranye kugira wige ikete ibanki y-isi yose iheruka kubandikira ivuga ko igiye kuzana urwo rucanco. Ariko umushikiranganji w-amagara y-abantu avuga ko Leta itazobazwa ingaruka mbi zoshikira uwiteje urwo rucanco.

Tubamenyeshe ko igihugu c-uburundi ari co conyene cari gisigaye ku mugabane wa Afrika y-ubuseruko kitari bwacandagishe abanyagihugu baco umugera wa Coronavirus. Leta y-uburundi yaguma ivuga itemera ko hari urucanco rwoza kugeragerezwa ku banyagihugu bayo, ko icoba ciza ari ukurindira uruzokwemezwa ko rukinga ijana kw-ijana uwo mugera.

Must Read