UBM News ads

RDC: FARDC itangaza ko Urwanda rwarungitse abasoda 500 bo mu ngabo zidasanzwe baje gufasha M23.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igisirikare ca republika iharanira intwaro rusangi ya Congo FARDC catangaje kuri uyu wa gatatu mw’itangazo casohoye ko igihugu c’urwanda carungitse mu micungararo ya Tchanzu  abasirikare baco bangana 500 bo mu ngabo zidasanzwe baje gufasha umuhari M23.  FARDC ikavuga ko urwanda rwarondeye iyindi mikenyuro kugira abasirikare babwo ntibamenyekane aho ubu bambitswe impuzu z’icatsi kibisi hamwe n’ibara ryirabura. Rwandan soliders in combat dress departing for Mozambique

Mw’iryo tangazo, Igisirikare ca Congo catangaje ko abasirikare batatu ba Tanzaniya bari mu ngabo za MONUSCO barakomeretse mu gihe M23 yatera ibirindiro vyayo biri muri teritwari ya Rutshuru. M23 nayo ivuga ko ingabo za FARDC , MONUSCO zirikumwe n’umuhari FDLR  aribo  bongeye gutanguza intambara batera ibirindiro vyayo biri muri Jomba kuwa mbere.

Nkuko tubikesha iradiyo y’abongereza BBC, N’uno musi kuwa kane  imirwano hagati y’izo mpande zose yasubiye kuba  inyuma y’agahengwe kari kamaze iyinga  mu misozi iri muri teritwari ya Rutshuru  mu ntara ya kivu ya Ruguru.

Tubamenyeshe ko Leta y’urwanda yagumye ihakana ivyo yagirizwa ko iriko ishigikira M23 maze iguma yemeza ko ihagaze ku nama yabereye i Nairobi muri Kenya aho urwanda ruvuga ko rushigikiye ko Congo n’imihari yafashe ibirwanisho iyirwanya bakwiye gusubira mu biganiro vy’amahoro.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments