Nkurunziza na Kagame nibo batitabiriye Inama y’abakuru b’Ibihugu vya afrika y’Ubuseruko

0

Yoweri Museveni niwe yashoboye kwemezwa n’inama y’abakuru b’ibihugu bo muri Afrika y’Ubuseruko ko ariwe agiye kuba umuhuza mu bibazo bihanze Uburundi, uwo akaba yatowe mu bakuru b’ibihugu babiri bari bitavye iyo nama. Jakaya Kikwete atwara Tanzaniya hamwe na Yoweri atwara Ubugande.

yoweri-museveni-of-uganda2

Mu vyavuye muri iyo nama haravurwamwo kandi ukwunguruza umusi w’amatora y’umukuru w’Igihugu yobaye igenekerezo rya 15 mukakaro yungururizwe igenekerezo rya 30 mukakaro kugira uwo muhuza aronke umwanya wo guhuza izo mpande zibiri.

Mu vyashikirijwe kandi ngo harimwo n’ukurungika abahinga bo muri afrika baje kuraba uko igikorwa c’ukwaka ibirwanisho Imbonerakurekiriko kiragenda. Bakaba banasavye ko horekurwa Imfungwa za Politique.

Mwomenya kandi ko Petero Nkurunziza atashoboye kwitaba iyo nama kuko uno musi yarafise Imyiyamamazo i Mwaro n’i Gitega kuri Centre. Nayo Paul Kagame we amaze no gushikiriza aho ahagaze ku kibazo c’Uburundi nawe ntiyitabiriye iyo nama y’abakuru b’Ibihugu mu gihe ariwe yakiriye impunzi nyinshi z’abarundi.