Ivyashitsweko n’Inama y’abakuru b’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko ntivyanezereje uwahoze ari umuhuza muri ivyo bibazo

0

Ivyashitsweko mu nama y’abakuru b’Ibihuguvya Afrika y’Ubuseruko, uwahoze ari umuhuza mu Bibazo vy’Uburundi Abdoulaye Bathil umunya Senegal amenyesha ko bidashimishije nkuko vyari vyitezwe ngo kubera ikibazo ubu kigeze ku rwego abantu bamwe bamwe badafata nka nkama.

16983788234_f174d3cf13_z

Uwo yahoze ari umuhuza muri ivyo bibazo vy’Abarundi mu kiganiro yahaye insamirizi y’abafaransa yabanje kumenyesha ko atakiri umuhuza ahubwo ko muri kino gihe ikibazo c’Uburundi kitakiri mu minwe ya ONU ahubwo kiri mu minwe y’akarere ka EAC. Ngo abo bakuru b’Ibihugu nibafate nka nkama ikibazo kiri mu Burundi kuko kiri mu karere kabo.

Muri ico kiganiro yamenyesheje ko imisi 15 yongerejwe kugira amatora y’Umukuru w’Igihugu, akunguruzwa agakurwa igenekerezo rya 15 agashika kuri 30 mukakaro idakwiye kugira ivyashikirijwe ko bitegerezwa gukorwa bikorwe, aho ni nk’ukwaka ibirwanishoImbonerakure n’iyindi mirwi irwana.

Uwo muhuza bikaboneka ko atanejerejwe n’Ivyavuye muri iyo nama nawe nyene yarimwo nkuko avyiyemerera muri ico kiganiro yahaye iyo nsamirizi.