Ninde agiye kurongora umugambwe CNDD-FDD ?

0

Abagabo batatu nibo bariko barahiganirwa kurongora umugambwe uri k’ubutegetsi m’Uburundi. Ayo matora akaba yimirije mu mpera z’uku kwezi kwa mbere. Abo nabo akaba ari umukenguzamateka Emmanuel Sinzohagera, asanzwe arongoye Inama Nkenguzamateka, umushingamateka Zenon Ndaruvukanye, asanzwe ari umuhanuzi mukuru mur’uyo mugambwe, umukenguzamateka Reverien Ndikuriyo, yahoze arongoye Inama Nkenguzamateka, ubu akaba arongoye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru m’Uburundi.

????????????????????????????????????

Uwuvugwa cane akaba ari Reverien Ndikuriyo ashobora gutorwa kuba umunyamabanga  mukuru w’uyu mugambwe. Akaba yavuye kurugamba mu muhari CNDD-FDD afise igarade ya colonel, akaba avuka mu ntara ya Makamba. Akaba yarashigikiye cane ikiringo ca gatatu ca Prezida Petero Nkurunziza mu kwitura sentare ijejwe kubahiriza ibwirizwa nshingiro kukira yemeze ko ico kiringo giciye mu mategeko.

Ariko akaba atinywa kuvungo ziwe zumukazo zihonyanga agateka ka zina muntu, ikindi naco yoca aheba n’ukurongora ishirahamwe ry’umupira w’amaguru m’Uburundi kuko ishirahamwe FIFA ritemera kuvanga ivy’umupira w’amaguru n’ibikorwa vya politike.

Prezida Ndayishimiye akaba ari yararongoye uwo mugambwe inyuma yo gutorwa ngwabe Umukuru w’igihugu. Bikavugwa kwariko arondera uwutazomuhangara murayo mabanga yo kurongora umugambwe uri kubutegetsi, ariko kenshi abo bantu babiri bakaba bacunganwa kuko umwe yikeka gukura uwundi.