Coronavirus iguma ihindura isura. Ninde yoba asuka iyo ngwara kw’isi ?

0

Inyuma yo gutora urucanco rw’ingwara ibangamiye isi coronavirus, iyo ngwara iterwa n’umugera bise covid-19 ikaba yahinduye isura. Iyindi migera yubundi bwoko bwiyo ngwara bukaba bumaze imisi bwaratowe mu gihugu c’Ubwongereza, iyindi ikaba yatowe mu gihugu ca Afrika Yepfo iyindi nayo ikaba yatowe kubantu baba mw’ishamba Amazone mu gihugu ca Brezil.

Corona virus

Ivyo bikaba bibaye mu gihe abashakashatsi bo mu bihugu vya Buraya batoye urucanco rwari rutanguye guterwa abanyaburaya n’abanyamerika. Abanyafrika n’abarabu bakaba batinya cane urwo rucanco bibaza ko bashaka kubahonya.

Abachinois n’abarusiya bobo bakaba barakoze incanco zabo, abo mugihugu ca Iran nabo bakavuga ko bazokoresha urucanco ruvuye mu bihugu bacuditse nko muri Cuba aho ubuvuzi buteye imbere cane.

Kur’uyu wa kane abantu barenga igihumbi bakaba barishwe niyo ngwara nshasha ya coronavirus mu gihugu c’Ubwongereza, mu gihugu c’Ubufaransa naho haratangura ukudatembere inyuma y’isaha 12 z’umugoroba inyuma yaho hatorewe abagwayi benshi bico kiza.

Benshi bakaba bibaza igituma iyo ngwara yahinduye isura kandi urucanco rwari rusa n’urwatowe ?