Uwundi musirikare w’umurundi yishwe muri Centrafrique

0

Umusirikare w’Umuruundi ari muri wa mugambi wa ONU, MINUSCA, wo kugarukana amahoro mu gihugu ca Centrafrique yaraye yishwe kuri uyu wa gatanu n’abitwaje ibirwanisho.

Uwo musirikare w’umurundi akaba agize gatanu yishwe kuva mu kwezi kwa 12 aho abansi barwanya reta ya Centrafrique biyamirije amatora aheruka kuba muri ico gihugu.

Uwo musirikare w’umurundi amaze gupfa hakaba haciye hakomereka abandi babiri muri ico giterp cabaye mw’ijoro ryakeye ryo kuri uyu wa Gatanu.

Umunyamabanga mukuru wa ONU, Antonio Guterres akaba yamirira kure ico gitero cahitanye umusirikare w’Uburundi muri Minusca.

Antonio Guterres akaba yihangisha umuryango wabuze hamwe na reta y’Uburundi yabuze.

Imvururu zakurikiye amatora muri Centrafrique zikaba zatumye abantu barenga 60 000 bahunga izo ntambara maze Guterres agahamagarira abashamiranye gusubiza hamwe.