Isekeza Ndondeza rivuga ko ivy-ukunyuruza abantu bigiye kubandanya inyuma yaho Ndayishimiye abihakaniye.

0

Isekeza NDONDEZA ry-ishirahamwe FOCODE risanzwe rikora amatohoza kubantu baburwa irengero mu Burundi babanje kuburwa gufatwa na bamwe bari mu nzego z-umutekano,  rimenyesha ko ryakiranye umubabaro mwinshi  n-amajambo yashikirijwe n-umukuru w-igihugu c-uburundi kw-iradiyo y-abafaransa RFI , aho yakanye ko ata bantu baburwa irengero mu gihugu arongoye .  Isekeza NDONDEZA  rikaba rifise ubwoba ko  ivy-ukunyuruza abantu bigiye kubandanya atacamira  bitewe n-uko Perezida Ndayishimiye yabihakanye ko bitariho.Pacifique NININAHAZWE 🇧🇮 (@pnininahazwe) | Twitter

Kubwa Pacifique Nininahazwe asanzwe arongoye isekeza NDONDEZA, ngo kubona Umukuru w-igihugu c-uburundi yubahuka akavuga ko ata bantu banyuruzwa mu gihugu arongoye ari ugutuma imiryango y-ababuze ababo itakaza icizere  ni mugihe baguma bizigiye ko k-ubutegetsi busha buhari  bugiye kuyifasha  kumenya aho ababo bagiye. Ayo majambo yavuzwe na Perezida Ndayishimiye yerekana ahubwo ko aje kubandaniriza kw-isemo y-uwo yasubiriye,  Umuhisi Petero Nkurunziza, uwo nawe intwaro yiwe irazwi ndetse ngo izoguma yibukwa ko yarasanzwe n-amabi y-ubwicanyi burenze harimwo n-ivyo guhagarika abantu munyuma bakaburwa irengero.

Isekeza NDONDEZA rimenyesha ko rimaze gukora amatohoza y-abantu bagera 200 babuzwe irengero  inyuma yo gufatwa n-abo mu nzego z-umutekano. Abantu bashika kuri 30 n-abo baramaze kuburwa irengero kuva aho Perezida Varisito Ndayishimiye ashikiriye ubutegetsi.

Uwo arongoye isekeza NDONDEZA arongera akabeshuza  kuvyemejwe na Perezida Ndayishimiye kuri RFI kubavuzwe ko mubanyurujwe  bagasanzwe bari mu mirwi yafatiwe mu gihugu c-urwanda . Pacifique Nininahazwe agasaba umukuru w-igihugu c-uburundi ko yokwerekana na raporo nimwe imaze gusohoka ivuga ko abaroberi bigeze gufatirwa mu gihugu c-urwanda bari mu vyegeranyo biba biri mu babuzwe irengero.