Ikigo kijejwe kugenzura uko ibinyamakuru bikora cugaye ikinyamakuru cahora gikorera ku rubuga rwa internet citwa NAWE TV kubera ukutubahiriza amategko nk’uko urwandiko rwa CNC rubishira ahabona.
Mu vyo CNC ivuga, urubuga rwo kumenyesha amakuru NAWE.BI ngo rwihaye uburenganzira bwo gushiraho urwo rubuga rwa NAWE TV ata burenganzira ruhawe na CNC.
Mu vyo urwo rubuga rwa NAWE TV rwashira ahabona ni uguha ijambo abanya politike batari bake.

Nk’akaroreo, urwo rubuga nyene nirwo rwaheruka guha ijambo Jean de Dieu Mutabazi aho yavuze ko ingoro z’umugamwe za CNL zibomorwa n’imvura.
NAWE TV kandi niyo yaheruka guha ijambo Bigirimana Jacques wa FNL aho yatyojeje umugamwbwe CNL ko ata matora ushaka ahubwo ko ushaka akajagari.
Muri iyo ntumbero nyene, CNC yabonye ko NAWE TV yahaye ijambo aba na bariya kugira batyoze abantu bamwe bamwe bo mu nzego.






Recent Comments