Natacha Ngendabanka mu rugendo muri Tanzania

0

Hai ku munsi w’ejo igenekerezo rya 16 aho umuririmvyi w’umurundikazi Natacha Ngendabanka yafata urugendo yerekeza mu gihugu ca Tanzania aho agiye gukora iyindi ndirimbo
natacha
Nkuko rero uyo muririmvyikazi yashoboye kubimenyesha abicishije ku rubuga rwiwe ngurukanabumenyi rwa facebook akaba yamenyesheje ko afashe urugendo yerekeza igihugu kibanyi ca tanzania aho agiye gukora indirimbo naho atashoboye kumenyesha uwo agiye gukorana nawe ariko akamenyesha ko ari indirimbo abantu bazokunda cane,
Ivyo bikaboneka rero ko uyo muririmvyikazi akunda cane gukorana n’abaririmvyi bo muri ico gihugu kuko amaze kuhakorera indirimbo zigera kuri 2,imwe akaba yayikoranye n’umuririmvyi Banana Zorro iyindi ayikorana n’umugwi Yamoto Band
Natacha ku kibuga c'indege Natacha Burundi
Mbega wewe nk’umukunzi w’umuziki ndundi wibaza ko Natacha azokorana nande?