Mwitangazo yasohoye uwahoze arongoye Uburundi arahakana kuba yaragandaguye prezida Ndadaye

0

Muriryo tangazo Pierre Buyoya yoshoye kur’uyu wa gatatu avuga ko urubanza rw’abagandaguye prezida Melchior Ndadaye rwarangiye haraciye imyaka 27. Akavuga kwatumva igituma ubutungane bw’Uburundi bwasubiye kuvyura iyo dosiye. Pierre Buyoya akavuga kandi ko atumva igituma bamwagiriza urwo rupfu kandi yari yavuye kubutegetsi avyishakiye.

Ikindi atumva prezida Pierre Buyoya nukuntu abashingwamanza biwe bankiwe kuraba ibiri muriyo dosiye aho yagirizwa kuba yaragandaguye uwamusubiriye kubutegesti prezida Melchior Ndadaye mu mwaka wa 1993. Pierre Buyoya akavuga ko yarungitse abashingwamanza bo hanze y’Uburundi hamwe n’abashingwamanza babarundi ariko ko bose banse kubereka ivyagiriji canke kwinjira aho urubanza ruriko ruraburanishwa.

Prezida Pierre Buyoya akamenyesha ko yafashe ingingo yo guhagarika akazi yarafise mu muryango w’Ubumwe bwa Afrika kugira ashobore kuburana neza urwo rubanza.