Monday, September 26, 2022
HomeNewsMwaro : Umuntu umwe yishwe akubiswe umupanga n'ubuhiri

Mwaro : Umuntu umwe yishwe akubiswe umupanga n’ubuhiri

Umugabo azwi kw’izina rya Emile BANYIYEZAKO wo mu bwoko bw’abatwa yishwe kuri uwu wa gatanu akubiswe umupanga hamwe n’ubuhiri, ku musozi Kavumu, komine Nyabihanga, intara ya Mwaro.

Amakuru atangwa n’igiporisi gikorera mu ntara ya Mwaro avuga ko uwo mugabo w’imyaka 38 yishwe mu mishamirano yabaye ku gasozi gasanzwe kabako abatwa benshi.

Abantu babntu babiri nabo nyene barakomeretse muri ukwo gutana mu mitwe igiporisi kivuga ko kwoba kwatewe n’amatati y’amatongo.

Abantu icenda nibo bamaze gufatwa mu matohoza, bakaba bapfungiwe mu gasho ka komine Nyabihanga.

Abajejwe intwaro mu ntara ya Mwaro bahamagarira abanyagihugu kwirinda kwihanira mu gihe habaye ukutumvikana.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...