Thursday, June 8, 2023
HomePoliticsImpande zibiri z’umugambwe w’abadasigana UPRONA zasubije hamwe.

Impande zibiri z’umugambwe w’abadasigana UPRONA zasubije hamwe.

Impande zibiri z’umugambwe w’abadasigana UPRONA zatangaje ko zisubije hamwe ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu. Izo mpande zibiri zasubije hamwe ni uruhande rurongowe na Evariste Ngayimpenda hamwe n’urundi rurongowe na Olivier Nkurunziza, asanzwe aramutswa uwo mugambwe imbere y’amategeko.

Olivier Nkurunziza yamenyesheje ko hari haciye amezi arenga 13 bari mu biganiro kugira uwo mugambi bawushikeko. Agasigura ko babikoze mu ntumbero yo gukomeza uwo mugambwe w’umuganwa Rudoviko Rwagasore.

Ku rundi ruhande rurongowe na Evariste Ngayimpenda , ngo bisunze wa mugani uvuga ko ubugirigiri bugira babiri hamwe rero n’uruhara uwo mugambwe wa Rwagasore ufise mu buzima bwa politike y’uburundi.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...