Umugambi wo guhindura igisagara ca Bujumbura ngo gise nk’ibindi bisagara vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko mu myaka 15 iri imbere, ngo ni ibintu bidashoboka. Bishikirizwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe PARCEM ryishinze gukangurira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama. Faustin Ndikumana agahanura Leta kubangira kuri uyo mugambi kuko ari umugambi ukozwe gihutihuti kandi utarirwa neza .
Faustin Ndikumana agira ati :«Twe twibaza ko ivyo bintu bitokunda kuko Vision 2024 ivuzwe uno musi itahera no kuba formalisé neza, hataraba planification,(…)nibaza ko rero uwo mugambi Leta yowubangira kandi niyo mpanuro dutanze kandi twibaza yuko ivyo gukora imigambi gihutihuti ata plannification iriko iraba , ibiba vyabaye muri kahise bakabita mu nzira , ni ibintu bibabaje cane kandi bituma igihugu cacu cama kiri mu bukene, cama kiri inyuma».
Tubamenyeshe ko ivyo PARCEM ibishikirije inyuma yaho umushikiranganji ajejwe ivy’inyubako, Dukundane Dieudonné yongeye gutangaza ko umugambi wo kwubaka inyubako zigezweho mu gisagara ca Bujumbura neza na neza muri komine Mukaza ari ntabanduka mu ntumbero yo guha ishusho uburundi buzoba bufise mu myaka irenga 15 iri imbere. Umushikiranganji Dukundane akaba yagize ati :«parcelle iri muri komine Mukaza ipima musi ya are 10 itegerezwa kwubakamwo inzu igeretse kabiri nayo iyirenza are 10 yubakwemwo inzu zigeretse incuro zine»
Ariko abanyagihugu bo muri Mukaza bababajwe n’iyo ngingo bafatiwe aho bavuga ko babohewe amaboko i mugongo kuko hari kubanza kuba ibiganiro kugira bagaraze amakenga yabo bafise. Ikindi, kibababaza ngo ni ukuntu Leta itigeze yiyumvira aho abo banyagisara bazokura uburyo bwokubakisha inzu z’amagorofa kandi ngo no kugira bubakishe inzu zisanzwe vyabasavye amadeni menshi mu ma banki .
Recent Comments