UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Mabayi:«Muhakwa kuzohambira icarimwe abantu bashika 300. Ntituzokwemera ko abasirikare bacu bicwa umwanya ku mwanya» Gervais Ndirakobuca aburira abanya Mabayi bakorana n’abarwanyi b’abanyarwanda bacumbikiye mu Kibira.

UBM News ads

Umushikiranganji wa mbere wa Leta y’uburundi araburira abanyagihugu bose harimwo n’abajejwe intwaro bo muri komine Mabayi ko azokwica abakorana n’abarwanyi b’abanyarwanda bacumbikiye mw’ishamba cimeza rya Kibira. Gervais Ndirakobuca yabivuze kuri uyu wa kabiri mu nama yamuhuje n’abaserukira intwaro , abajejwe umutekano n’abanyagihugu bo muri komine Mabayi.

Nkuko tukesha iy’inkuru ikinyamakuru Sos Médias Burundi, Gervais Ndirakobuca ntiyariye umunwa aho yabwiye abanyagihugu ba komine Mabayi bakorana n’abaroberi b’abanyarwanda bacumbikiye mu kibira ko bariko bikwegera inkuba z’abategetsi .

N’agashavu kenshi, Ndirakobuca yagize atya :«Muhakwa kuzohambira icarimwe abantu bashika 300. Ntituzokwemera ko abasirikare bacu bicwa umwanya ku mwanya . Kuki mufasha abo bantu? Nimba bafise ivyo basaba ni baje kubisaba mu Rwanda kandi banarondereyo ivyo kurya.bashobora gukwega ingorane mutiyumvira »
Yarongeyeko ati :«Muriko murakina n’umuriro»

Mw’iyo nama, Gervais Ndirakobuca yatangaje kandi ko hagiye gukorwa rusansuma mu ntumbero yo guharura abanyarwanda baba i Mabayi kugira ngo babirukane baje iwabo mu gihugu c’urwanda.

Tubamenyeshe ko abadandaza benshi, abategetsi hamwe n’abanywanyi b’umuhari w’imbonerakure bamaze imisi bahagarikwa, ndetse bakaba bararungitswe mu mabohero atandukanye bagirizwa gukorana n’abo barwanyi. Benshi muri bo bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba riri mu gisagara ca Bujumbura. Abaheruka gufatwa vuba ni Musitanteri wa komine Mabayi Nicodème Ndahabonyimana , abandi babiri mu bajejwe intwaro hamwe n’izindi mbonerakure zitatu. Ubu bose bakaba bapfungiwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments