Ishirahamwe PARCEM ryiyemeje gukangurira abarundi bahindure ingendo kugira bashike kw’iterambere rirama ribona ko umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD ariwo ufisemwo uruhara mu bijanye n’ikoreshwa nabi ry’itunga ry’igihugu. Kubwa PARCEM, ngo abantu bari mw’uwo mugambwe bishira imbere kubera ico bawufashije muri kahise nko kuwurwanira canke ibindi maze bahawe amabanga mu gihugu bagaca babona ko ibintu vyose ari rwabo. Ikindi iryo shirahamwe ridaharanira ivyicaro vya politike rivuga, ngo ushaka akazi canke ikindi kintu cose kiri mu minwe ya Leta , usanga harimwo ukuboko kw’umugambwe uri ku butegetsi , ngo si uwariwe wese abironka. PARCEM ibivuze mu gihe umukuru w’igihugu c’uburundi Varisito Ndayishimiye ahambariye indongozi zimwe zimwe ko baguma bagira ivyo batarekuriwe n’amategeko canke bakigira abadandaza.
PARCEM ibona ko ikoreshwa nabi ry’itunga ry’igihugu mu Burundi riva ku bintu bibiri: Ica mbere kubwa PARCEM ngo biva ku bantu bishira imbere kubera ico bafashije umugambwe muri kahise kuwurwanira canke ibindi. Ica kabiri ngo bikava ku bantu bari mu mugambwe bigira ko haricot barawufasha bagaca babona ko ibintu vyose ari rwabo.
Iryo shirahamwe rikababazwa n’ukuntu muri iki gihe turimwo mu Burundi, kugira uronke akazi mu mashirahamwe ya Leta, itangwa ry’amasoko ya Leta, kuronka ibibanza vyiza vyo kudandarizamwo mu masoko, ngo usanga harimwo ukuboko kw’umugambwe uri ku butegetsi si uwari wese ngo abironka.
Nk’inyishu, PARCEM ibona ko inyishu iri mu mugambwe CNDD-FDD, abari mw’uwo mugambwe ngo bakwiye kwicara bakirimbura bonyene bakaraba ko amabanga bayashinga ababishoboye, bakaraba kandi n’ingene bigenza kuko ubu umenga bahaye amabanga umuntu baba bamwibutse agaca akora ivyo yigombeye. Ikindi, ngo harakwiye inama rukokoma muri CNDD-FDD maze babwire abo bashinga amabanga ko bakwiye gukorera igihugu, bagateza imbere igihugu, babahe intumbero nshasha bibaye ngombwa bahanwe.
Recent Comments