Abarwanyi batatu b’interahamwe bahurikiye mu muhari FDLR urwanya Leta y’igihugu c’urwanda barishwe barashwe n’ayo uwundi umwe arakomereka mu ntambara yabahuje n’abasirikare b’uburundi kuri uyu wa kane ku mutumba Kivogero, ni muri komine Mabayi, mu ntara ya Cibitoke. Iyo ntambara yamaze akanya gato , ikaba yahitanye n’abasirikare babiri abandi barakomereka. Abo basirikare barashoboye gufata inkoho zine z’abo barwanyi bakomoka mu gihugu c’urwanda.
Abo barwanyi ba FDLR bari mw’ishamba rya kibira bari basanzwe baza rimwe na rimwe mu mihana yegereye ikibira kugira barondere ico barya. Amakuru dukesha abanyagihugu bo ku mutumba wa Kivogero , avuga ko mw’ijoro ryo kuri uyu wa kane nk’igihe c’isaha zitanu haje kuri uyu mutumba interahamwe zigera kuri 20 ariko bigabura mu mirwi ibiri, habanza imbere bane baje gucira inzira abandi. Abo rero ngo nibo baguye mu mutego w’abasirikare kuko bari baronse amakuru ku gihe ko bahava bahagendera .
Muri ukwo kurasana, batatu muri izo nterahamwe barishwe nayo uyundi arakomereka maze inkoho zabo zirafatwa. Ku ruhande rw’abasirikare naho hapfuye babiri nayo batatu barakomereka nk’uko vyemezwa na bamwe mu banyagihugu baba k’uwo mutumba wa Kivogero bavyemeza.
Recent Comments