Leta y’uburundi ihamagarirwa kubanza kuriha amadeni iheranye haba mu gihugu eka mbere no hanze y’igihugu kugira ishobore gushika kw’ihangiro ryayo ryo mu mwaka wa 2040 ry’igihugu kizoba cifashe mu vy’ubutunzi hamwe n’iryo mu 2060 aho uburundi buzoba buri mu bihugu biteye imbere kw’isi. Ivyo vyashikirijwe kuri uyu wa gatatu na Gabriel Rufyiri arongoye Ishirahamwe OLUCOME mu kiganiro ku bagize inzego zitandukanye cabereye mu gisagara ca Bujumbura.
Ico kiganiro kiba cari gihagaze k’ukwerekana ibintu nyamukuru vyofatirwako mu gisata c’ubutunzi kugira Leta ishike kw’ihangiro ryayo yihaye y’uko mu mwaka wa 2040 uburundi buzoba ari igihugu cifashe nayo mu 2060 kikazoba kiri mu bihugu biteye imbere kw’isi.
Kubw’umuhinga muvy’ubutunzi akaba n’umwigisha muza kaminuza, Gilbert Niyongabo yatanze ikiganiro, ngo biragoye ingene uburundi bwotera imbere mu gihe gushika ubu ideni Leta iheranye rirenga ibice 60% vy’amafaranga ikoresha ku mwaka ku mwaka. Gilbert Niyongabo akaba yasavye abari ngaho cane cane abari mu rwego rw’igihugu ruraba iterambere ADB ko bokwiga ukuntu Leta yotangura kuza irariha iryo deni bukebuke.
Recent Comments