UBM News ads
Monday, October 2, 2023
No menu items!
UBM News ads

Fortuné Gaetan Zongo avuga ko impunzi z’abarundi babonanye mu bubiligi zifise amakenga ku kuntu zofatwa hamwe zotahuka.

UBM News ads

Intumwa idasanzwe y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku bijanye n’agateka ka zina muntu mu Burundi asaba Leta y’uburundi kwugurura urubuga kugirango abarundi bahunze ico gihugu bashobore gutahuka mu bwisanzure nta ngere.

Fortune Gaetan Zongo aho yaheruka mu gihugu c’ububiligi mu rugendo rw’akazi yaramazemwo imisi cumi, avuga ko impunzi babonanye muvyo bamutumye bibabakiye harimwo kubanza kumenya ko batazokomeza gukurikiranwa hamwe no gusubira mu mirimo yabo ataco bikanga.

Mu kiganiro yagiranye n’abagenzi bacu b’iradiyo y’abongereza BBC, Gaetan Zongo nubwo adahakana ko uburundi bumaze gutera intambwe mw’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu , amenyesha ko hakiri agahaze kandi ko kumwima uburenganzira bwo kwishikira mu gihugu kuvyirabira, ari ugusambura umurwi wa ONU ujejwe agateka kazina muntu uburundi busanzwe burimwo.

Iyo ntumwa idasanzwe ya ONU kuvy’agateka ka zina muntu mu Burundi yabwiye BBC ko yabonanye n’abantu ku gatwe kabo hamwe n’abaserukira amashirahamwe ajejwe agateka ka zina muntu n’ay’abamenyeshamakuru.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments