Kuba musitanteri wa komine Mukaza, Renovato sindayihebura atarabogozwa mu mabanga kubera itoni 15 z’isukari zagenewe iyo komine zabuzwe irengero, birateye amakenga inama nkenguzamateka. Emmanuel Sinzohagera, umukuru w’inama nkenguzamateka akabaza umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Ninteretse nyimba yoba yarananiwe gukura uwo musitanteri nk’uko ahora yihuta gukura abandi basitanteri bagirizwa ama dosiye y’ubunyonyezi bw’itunga ry’igihugu. Bikaba vyavugiwe kuri uyu wa gatatu mu ngoro y’inama nkenguzamateka aho abashikiranganji babiri: uw’intwaro yo hagati mu gihugu n’uw’ubudandaji bari abatumire.
Emmanuel Nsinzohagera yagize ati :«… hariho itoni 15 z’isukari zabuzwe irengero zari zigenewe komine Mukaza, musitanteri yarakunaniye gukura ? vyagenze gute? Ko abandi waca usohora ingingo , erega naho nkeneye umbwiza ukuri nyimba uza kumbwira tugufashe. (…) turabona ko haraho muhesha n’ahandi mwihuta gufata ingingo»
Umushikiranganji Martin Ninteretse yishuye ko yabangiye gufata ingingo yo kubogoza uwo musitanteri wa Mukaza kubera ko haza haratanguye amatohoza yo mu butungane kugira uwo musitanteri bigaragare ko yagize ikimwagira.
«Ikibazo ca Mukaza reka tukivuge neza ukwo kiri, bagize amatohoza y’ubutungane , niyo barimwo. Jewe novuga nti ese nofata ingingo nsi noba nihuse? Kuko hatanguye amatohoza y’ubutungane , twebwe duca tubanza tugaharika amatohoza yacu mu ntumbero yo kwubahiriza bwa bwigenge z’inzego zitatu zikomeye mu gihugu mugabo batubwiye bati vyase ni mugire amatohoza y’iwanyu duca dutangura. Ariko turizeye ko ivyo bariko barakora vuba bazoduha inyishu kuko turavugana, ndabona ko vuba tuzoronka inyishu» Niko Martino Ninteretse yishuye.
Tubibutse ko hari amatoni 15 y’isukari yari yagenewe komine Mukaza aheruka kuburwa irengero mu kwezi kwa Mukakaro 2023. Ishirahamwe SOSUMO ryari ryahaye igisagara ca Bujumbura amatoni arenga 140. Komine Muha yaronse itoni 40, Komine Ntahangwa nayo itoni 60 nayo komine Mukaza nayo ihabwa itoni 45 ariko hashitse itoni 30 gusa nayo 15 ziburwa irengero. Bikaba vyaravuganzwe ko musitanteri wa komine Mukaza Renovato sindayihebura arikumwe n’abandi bategetsi bo mu mugambwe CNDD-FDD mu gisagara ca Bujumbura bagizemwo uruhara mw’iburwa irengero ry’iyo sukari. Uwo musitanteri akaba kandi amaze igihe yidogerwa n’inama mpanuzwajambo ya komine ko asesagura ubutunzi bwa komine ndetse ko hari amafaranga menshi amaze kugaragara ko yabuzwe irengero ryayo kuko batabonye ico yagiye arakora.
Recent Comments