UBM News ads
Tuesday, December 5, 2023
No menu items!
UBM News ads

Urwego rw’abashingantahe mu Burundi rwarankiwe guhimbaza imyaka 20 rushinzwe.

Ni ingingo yatangaje yongera irababaza abari mu rwego rw’abashingantahe mu Burundi aho umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu Martin Ntinteretse yankiye kuri uyu wa gatandatu urwo rwego guhimbaza imyaka 20 rumaze mu Burundi. Ubwo bushikiranganji bukamenyesha ko ibikorwa vy’urwo rwego rw’abashingantahe vyari gushobora kudurumbanya ishirwa mu ngiro ry’inama y’abahuza bo ku mitumba baheruka gutorwa kuwa 12 Nyakanga 2022.

Urwego rw’abashingantahe mu Burundi rwari rwategekanije guhimbaza kuri uyu wa gatandatu isabukuru y’imyaka 20 urwo rwego rumaze ruzwi icese mu gihugu ariko ntiyabaye ikiba. Bikaba vyari vateguwe ko defire yari guhera kw’irembo rya kaminuza y’uburundi , ku kigo kiri ku Mutanga bagana kuri Lycée Scheppers yo mu nyakabiga gutyo abanyamutamana bayitwara bakerekanwe icese umurongo wo kwakira icese bakereka abarundi kandi ko uretse ko rukiza ataco rwononera abarundi.

Ku mugoroba wo kuri uyu wa gatanu , ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bwahamagaye abarongoye iyo nama nkuru y’abashingantahe rumubwira ko imyiyerekano yateguwe n’abashingantahe yahagaritswe ko hari ikete ryasohotse mw’ijoro ryo kuri uyu wa gatanu . Inama nkuru y’abashingantahe yahavuye isaba ubwo bushikiranganji ko boja mu kibanza bari kwicaramwo bakaganira bisanzwe ndetse bagafungurira n’abari bavuye mu ntara za ruguru imfungurwa zari zateguwe maze ivy’amajambo bakavyihoza.
Mu rwandiko rw’intwaro yo hagati mu gihugu rwahaye ba buramatari bose bwaciye bubasaba kutemera na gato ko iyo nama nkuru y’abashingantahe itunganya ivyo birori mu ntara barongoye mu ntumbero yo kutadurumbanya ishirwa mu ngiro ry’inama y’abahuza mu gihugu cose.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments