Muramvya : Umwe yapfuye abagera kuri batandatu barakomereka

0

Mu ntara ya Muramvya, mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, hafi y’ibiro vya zone Bugarama, haratewe gerenade imwe yahitanye umuntu umwe, hakomereka abagera kuri batandatu.

Iyo grerenade yatewe nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, kw’ibarabara RN2 rya Bugarama – Gitega.

Abateye iyo gerenade ntibamenyekanye, ikaba yahitanye umuntu umwe, ikomeretsa abagera kuri batandatu.
Abakomeretse bakaba baciye bajanwa kuvurirwa ku bitaro vy’i Muramvya.

hopi