Mac Arthur ararambanye n’umukunzi wiwe naho benshi batavyibaza

0

Urukundo rwabo rugitangura benshi bavuze vyinshi,bamwe bati ntibazorambana abandi bati tubahe umwanya gusa kuko ntagihe kinini bazokundana ariko Urukundo rwa Mac Arthur Arakaza umunyegori w’umugwi nserukira gihugu w’uburundi Intamba mu Rugamba n’umugwi wa Vitalo’o fc hamwe n’umukunzi wiwe Audyna rugeze kure kuburyo rusigaye rubera akarorero abandi bantu,aho benshi basigaye bipfuza kuba nkabo
Mac Arthur n'umukunzi wiwe Audyna

Aganira n’ikinyamakuru cacu ubmnews,Mac Arthur twaramubajije ingene yakira ivyo abantu bavuga kubijanye n’urukundo rwiwe na Audyna,Mac Arthur ati:abantu bavuga vyinshi ariko je na Audyna turakundana vyukuri kandi urukundo rwacu ntirusanzwe nkuko benshi bavyibaza ahubwo n’urukundo ruhagaze mu kwukubahana,kwihangana n’ibindi vyinshi,tugitangura benshi bavuze vyinshi ariko Imana yaraturinze nubu turacarikumwe n’umukunzi wanje kandi ntiturota duhebana uno munsi canke hirya y’ejo

Twobamenyesha ko urukundo rwo Mac Arthur na Audyna rugeze kure