Monday, September 26, 2022
HomeNewsMuramvya : Ikiziga c'umuntu ataramenyekana catowe

Muramvya : Ikiziga c’umuntu ataramenyekana catowe

Ikiziga c’umugore yatowe ku mugoroba wo kuri uwu w’Imana mu ruzi Ruvubu ruri muri komine Shombo, intara ya Muramvya, nk’uko vyemezwa n’abanyagihugu begereye ahatowe ico kiziga bavuga ko vyaboneka ko uwo mugore yari afise ibikomere umubiri wose.

Musitanteri wa komine Shombo, KANTAZI Pierre avuga ko uwo mugore atamenyekanye, akikeka ko yoba yiciwe ahandi, azana gutabwa mu ruzi Ruvubu.

Uwo Musitanteri amenyesha ko haciye hafatwa ingingo y’ugushira ico kiziga mu buruhukiro, mu kurindira ko umuryango wiwe umumenya.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...