MUGISHA Shaquille abandanya atera imbere mu mwuga wiwe wo gushushanya.

0

Mugisha Shaquille n’umwe mu misore ibandanya gutera imbere, igateza imbere n’igihugu ciwe c’uburundi.
shaquille
Mu kiganiro twaraye tugiranye nuyo musore w’umurundi ariko abarizwa muri kino gihe mu gihugu c’urwanda akaba yatumenyesheje ko umwuga wiwe wo gushushanya ubandanya ugenda neza kandi ko yanateye n’imbere cane kuko ngo kuva avuye mu gihugu c’uburundi amaze gukora ibikorwa bitari bike mu rwanda aho akora ibiganiro vyinshi ku mboneshakure zo muri ico gihugu c’urwanda kandi ko amaze no gutegwa iteka agatumirwa ku kirimba c’umukuru w’igihugu w’urwanda nyakubahwa Paul KAGAME.
mugisha
Twobamenyesha ko Shaquille MUGISHA amaze gutahukana udushimwe twinshi yaba hano mu Burundi eka ndetse no mu makungu.