UBM News ads

Muganga Christophe Sahabo ari gukorerwa agatotezo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Muganga Christophe Sahabo azira guhungabanya ubutunzi bw’uburundi mu gihe abivye ama miliyaridi bagatemvya ama sosiyete ya Leta bacidegemvya.


Imyaka 2 n’amezi ashika 3 irakwiye Muganga Christophe Sahabo yahora arongoye ibitaro Kira Hospital avundiye mu buroko azira amarementanya kuko uvuze ko yagirizwa guhungabanya ubutunzi bw’igihugu umuntu aca yibaza ibibazo vyinshi.

Muganga Christophe Sahabo kuvuga ko yahungabanije ubutunzi bw’igihugu mu gihe bizwe ko amashirahamwe ya Leta amwe amwe yahomvye ayandi agoyagoya bivuye ku barongozi babi bagiye basahura ubutunzi bwayo mashirahamwe,aha mbere n’umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye ubwiwe yaratangajwe n’inyifato z’abo barongozi akarorero ni mu kigo ODECA gitunganya ikawa y’uburundi.

Ntawokwibagira abanyuruje imiliyaridi 54 z’amafranga y’amarundi yari agenewe kwubaka urugomero rwa mpanda nubu gushika iyi saha Dosiye yarubitswe.vyumvikana ko umuganga nka Sahabo yaraje Guteza imbere igihugu umwagirije guhungabanya ubutunzi bw’igihugu bigoye gutahura.

ikibabaje catanganje abantu n’ukuntu Muganga Christophe Sahabo yarengutse muri sentare nkuru ya Muha ameze nabi cane arwaye umutima,asima;agitangura kuvuga atangura kuyorwa cane ivyahavuye bitamworohera kubandanya urubanza,urubanza ruca rwungururizwa kuwa 17 nyakanga 2024.

Abari mu mugambwe uri kubutegetsi bamwe bamwe bakunze kuvuga ko hari abarundi b’inyankaburundi,bacafuza uburundi ariko nibamenye ko ahubwo ivyo bakora bibi arivyo bitanga isura mbi mu makungu no mu karere.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments