Papa Francis arongoye idini rya Kotolika kw’isi yaraye atangaje ko Harris Kamala Na Donald Tramp bari kwica ubuzima bwa kiremwa muntu.Donald Trump ntiyerekwa na gato abimukira baza muri Amerika.Harris kamala nawe ashigikiye umugambwi wo gukuramwo inda.”Pope Francis”

Inyuma y’urugendo yaramazemwo arimwo rw’imisi 12 muri Aziya na Oceaniya,Papa francis yarababajwe cane n’aba kandida 2 bagiye kwitoreza mu kibanza c’umukuru w’igihugu mu matora ategekanijwe kuwa 5 munyonyo 2024 muri Amerika.
Papa Francis yagiriza Donald Trump na Harris kamala kubangamira ubuzima bwa kiremwa Muntu.Papa Francis avuga ko Donald Trump abangamiye abimukira baza muri Amerika gushaka ubuzima.
kuruhande rwa Harris Kamala,Papa Francis avuga ko gushigikira itegeko riha uburenganzira abagore gukuramwo inda kwica ubuzima bwa kiremwa muntu.
mu kiganiro co kuwa 10 nyakanga 2024 hagati ya Donald Trump na kamala Harris,Donald Trump yaragarutse kukibazo c’abimukira baza muri Amerika aho yashikirije ko bamaze ibitungwa vy’abanyamerika nk’imbwa n’ubuyabu.kamala akaba yagiriza Donald Trump kuba aeiwe yaburijemwo umugambi wari usanzwe uhari mu nama nshingamateka wiga kukibazo c’abimukira.





Recent Comments