UBM News ads

Kongo yiyemeje kurwanya umuhari FDLR-Patrick Muyaya

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta iharanira intwaro rusangi ya Kongo igiye kurwanya umuhari w’iterabwoba wa FDLR wakoze ihonyabwoko mu rwanda mu ntumbero yo gukemura ibibazo vy’umutekano muke biri mu buseruko bwa Kongo nkuko bishikirizwa na Patrick Muyaya Avugira RDC.

Ariko RDC igasaba urwanda gukurayo vuba ingabo zarwo ziri kubutaka bwa RDC.


Umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru akaba asanzwe avugira Leta iharanira intwaro rusangi Ya Kongo Patrick Muyaya yatanze ikiganiro kuri uyu musi wa kabiri igenekerezo rya 10 nyakanga 2024 ku mboneshakure France 24 aho yagarutse ku bibazo vy’umutekano muke birangwa mu buseruko bwa RDC.

Patrick Muyaya akaba yamenyesheje ko Leta ya Kongo ifise urugamba rwo gutuza burundu umuhari w’iterabwoba wa FDLR wagirizwa gukora ihonyabwoko mu gihugu c’urwanda mu mwaka wa 1994 ariko kandi RDC nayo igasaba Urwanda gukurayo abasirikare barwo bari ku butaka bwa Kongo kugira haboneke umuti urama ku ntambara ziri mu buseruko bwa Kongo.

Igihugu c’urwanda cagumye cagiriza Leta iharanira intwaro rusangi Ya Kongo gukorana n’umuhari w’iterabwoba wa FDLR wakoze ihonyabwoko muri ico gihugu mu mwaka wa 1994.

Hagati aho ibiganiro birakomeje birongowe na President wa Angola hagati y’urwanda na RDC kugira hakemuke amatati ari hagati y’ibi bihugu vyompi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments