Thursday, June 8, 2023
HomePoliticsMu myaka yababa 20 CNDD-FDD iri ku butegetsi ivuga ko ejo...

Mu myaka yababa 20 CNDD-FDD iri ku butegetsi ivuga ko ejo ari heza, abarundi bakwiye kumenya ko rwari uruhendo (Agathon Rwasa)

Inyuma y’imyaka yababa 20 ubutegetsi bw’umugambwe CNDD-FDD bumaze, ngo muvyo bwemereye abanyagihugu rwari uruhendo. Bivurwa n’umukuru w’umugambwe CNL, Umushingamateka Agathon Rwasa. Uwo munyepolitike akavuga kandi ko inzara iri mu gihugu c’uburundi hamwe n’ibindi bibazo vyinshi bihanze igihugu,vyerekana ko ubutegetsi bw’umugambwe CNDD-FDD budashobora kubitorera inyishu.

“Tumaze imyaka myishi tubabona, turabahaze! (…) mugabo nibaba abarundi baciye akenge, mu myaka hafi 20 iheze ngo ejo ni heza, ibibazo ari ibibazo, ndibaza yuko na bimwe bavuga ngo ni uguhinyanyura ntibazohinyanyura ngo bashikane” Niko Agathon Rwasa avuga.

Umukuru w’umugambwe CNL yabitangaje kuri uyu wa gatandatu mu rugendo arimwo mu ntara ya Cankuzo aha yariko asigurira abanywanyi biwe ibijanye nuko intara z’igihugu , amakomine, imitumba hamwe n’amakaritiye bigiye kugabanuka.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...