Ikoraniro ridasanzwe ry’umugambwe CNL , ryari ritegekanijwe kuri uyu wa gatanu , ryarasibijwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Imvo y’iryo yankirwa y’iryo koraniro ridasanzwe akaba ngo ari ijambo basanze ryanditse nabi mw’ikete ryarungikiwe umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Ninteretse Martin.
Umunyamabanga mukuru wa CNL akaba avuga ko bariko bategura gukosora iryo kete kugira barungike irindi kete , basabe irindi sango. Simon Bizimungu agasaba ariko ubwo bushikiranganji kuza buramenyesha ingingo zafashwe hakiri kare , hari igikenewe gukosorwa gikosorwe, abantu batarasesagura uburyo bwabo.