Thursday, June 8, 2023
HomePoliticsCNL yarankiwe gukora ikoraniro kaminuza kubera ijambo ryanditswe nabi ryari mw’ikete ryo...

CNL yarankiwe gukora ikoraniro kaminuza kubera ijambo ryanditswe nabi ryari mw’ikete ryo gusaba uruhusha.

Ikoraniro ridasanzwe ry’umugambwe CNL , ryari ritegekanijwe kuri uyu wa gatanu , ryarasibijwe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu. Imvo y’iryo yankirwa y’iryo koraniro ridasanzwe akaba ngo ari ijambo basanze ryanditse nabi mw’ikete ryarungikiwe umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Ninteretse Martin.

Umunyamabanga mukuru wa CNL akaba avuga ko bariko bategura gukosora iryo kete kugira barungike irindi kete , basabe irindi sango. Simon Bizimungu agasaba ariko ubwo bushikiranganji kuza buramenyesha ingingo zafashwe hakiri kare , hari igikenewe gukosorwa gikosorwe, abantu batarasesagura uburyo bwabo.

Must Read

Uganda:Perezida Yoweli Museveni yatowe umugera wa Covid-19.

0
Umukuru w’igihugu ca Uganda , Yoweli Museveni yaratowe umugera wa Covid-19. Akaba ubu ameze neza ndetse abandanya amabanga yiwe yo kurongora igihugu ariko afata...