UBM News ads UBM News ads
Friday, May 24, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Ingo za Alain-Guillaume Bunyoni ziri i Bujumbura no mu Rutana zasatswe bikomeye zikekwa kuba zirimwo ibifovya vy’amafaranga menshi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Kuva mu gaturuturu ko kuri uyu wa mbere, Abapolisi benshi n’abakozi bo mw’iperereza babonetse ku ngo zibiri za Gen.Alain-Guillaume Bunyoni yahoze ari umushikiranganji wa mbere. Urugo rwiwe rwa mbere rwasatswe rukaba ruri mu gisagara ca Bujumbura muri zone Musaga, karitiye ya Gasekebuye hamwe n’urundi ruri mu ntara ya Rutana, ku musozi wa Rongero. Umutahe wogusaka amazu ya Alain-Guillaume Bunyoni ukaba waraye utanzwe n’umushikirizamanza kizigenza wa Republika Sylvestre Nyandwi kubera ko izo ngo zibiri zikekwa kuba zibitse ibifovya vy’amafaranga atazwi igitigiri.

Amakuru adushikira ava ku rugo rwa Bunyoni ruri mu ntara ya Rutana, yemeza ko Umushikirizamanza mukuru wa republika Nyandwi Sylvestre yahavuye atanga itegeko abicishije kw’iterefone ko inzugi zo ku nzu yo mw’urwo rugo zibomorwa, ni inyuma yaho imfunguruzo zugurura iyo nzu abapolisi baziburiye.

Ku rugo rwa Bunyoni ruri muri Karitiye ya Gasekebuye , mu gisagara ca Bujumbura, bivurwa ko hahavuye hikorwako za mbwa karuhariwe mu gusaka , ni inyuma yaho ata kintu na kimwe kihatorewe inyuma y’iryo sakwa ryakozwe n’abajejwe umutekano.

Tubamenyeshe ko Perezida Varisito Ndayishimiye yaramaze imisi agabisha ko abanyegeje amafaranga mu mazu yabo boyagarukana mw’ibanki nkuru y’igihugu, atari ukwo naho , bakazokwisanga ayo mafaranga yabo yashitse ibipapuro.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments