Mu gisata c’indero habandanya kwibonekeza ubusuma butandukanye bw’ibibazo mu masomero.

0
Abana batatu, babiri bo kw’ishure Lycée Saint Sacré cœur de Yoba n’uwundi wo kuri Lycée de la paix Magarama,nibo baraye birukanywe burundu, bagirizwa kwiba ibibazo babifashijwemwo n’umwe mu bategetsi bo mu biro vy’indero vya komine Gitega.
Uwurongoye uwo mutegetsi aremeza ko nawe yamaze gufatirwa ingingo.
Ubwo busuma bukaba bwatumye bimwe mu bibazo vy’igice ca kabiri bisubirwamwo, ivyo abigisha bavuga ko bibuza kubandanya neza urutonde rw’ivyirwa kuko gushika kuri uno wa 29/04/2021 ivyo bibazo vy’igice ca kabiri vyari bikiriko birasubirwamwo.