Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME ati naho igihugu cari mu ntambara nticari bwakene nk-uko kiri ubu.

0

Inyuma yaho ikigega mpuzamakungu FMI kisohoreye icegeranyo kikashira igihugu c-uburundi k-umwanya  wa mbere w-ibihugu  bikenye, Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME rijejwe kurwanya abasesagura amatungo ya Leta n-abarya ibiturire amenyesha ko uburundi buriko buramanuka k-urugero ruteye ubwoba kitari bwigere  kigerako aho igihugu c-uburundi cagiye munsi y-ubusa k-urugero rwa  gatatu n-ibice bibiri -3,2% k-ukuntu ubutunzi bugenda buduga, Ibice vy-abarundi birenga kuri 70% bari m-ubukene gusumvya abandi, ikindi akaba ko umunyagihugu w-uburundi  akaba ashobora kuronka amadorare y-abanyamerika 264  k-umwaka , uwo arongoye OLUCOME avuga ko ayo mahera atanarimwe igihugu cari bwigere kiyashikana naho igihugu cari mu bihe vyo mu ntambara.IWACU English News | The voices of Burundi – OLUCOME concerned over corruption reported in transfer process within Health Ministry

Kugira igihugu kishobore kuva mw-iyo manga y-ubutunzi, Gabriel Rufyiri ahamagarira abatwara ubu igihugu ko bokwihutira kushira imbere ibisata vyo kuduza ubutunzi hama barwanye abaguma banyuruza ubutunzi bw-ihigugu .