Hoba har’akarusho abanyamerika boshimira Joe Biden inyuma y’imisi 100 amaze ku butegetsi?

0

Mu gihe Perezida Joe Biden yujuje imisi 100 ya mbere ku butegetsi, biboneka ko ashigikiwe n’Abanyamerika batari bake.

Abanywanyi biwe bashimagiza utwigoro twiwe mu kurwanya ikiza  ca coronavirus hamwe n’umugambi wo gushiraho ikigega co kugarukira ubutunzi ndetse n’umuvuduko udasanzwe mu mugambi wo gucandaga.

Hari abandi babona ko uyu mu Democrat atarajwe ishinga ryo kwiyegereza aba Repubulika kugira bamushigikire mu migambi yiwe.

Icegeranyo ku bimaze kurangurwa na Biden gishobora kwerekana ingene agiye gutwara mu kiringo gisigaye.

Ikintu kinini n’uko atandukanye n’umukuru w’igihugu yahahora. Biden ariyorosha cane, si mahindagu, kandi nta kwivuguruza bimuranga. Uravye inkoro yiwe, aratandukanye cane na Donald Trump.

Ariko gusa kumbure ikintu nyamukuru yakoze muri ino misi 100 yiwe ya mbere ni uko yashoboye gutera igikumu kw’itegeko ry’ukugarukira ku bakozweko na Covid. Iri tegeko ryashize amafaranga menshi mu minwe y’abantu bayakeneye, kandi ni umugambi wakozwe neza.

Uretse ingene amafaranga ariko akoreshwa, haracar’ amakenga ku kibazo c’ugucungera imbibe. Umunyamerika yahay’ ikiganiro abanyamakuru yavuz’ati: Sinigeze nemera ko kwubaka uruzitiro ari yo nzira nyayo, ariko uravye ibintu vyariko birahabera, bisa n’uko ikibazo cari cananiranye. Ikibazo c’abimukira ni ikibazo gikomeye kandi ntibiboneka ko Biden ariko aragitorera umuti.

Ndafise icizere ko azogerageza gukorana neza n’aba Repubulika, akifatanya n’abandi hagufata inzira ya wenyene.