Abantu bari bamaze imisi bahungabanya umutekano mu ntara ya Bururi hakoreshejwe imipanga bose barafashwe. Vyaraye vyemejwe kuri uyu wa gatandatu n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Martin Ninteretse hari mu gihe hariko hakorwa ibikorwa rusangi mu ntara ya Kayanza . Martin Ninteretse akavuga ko uwararongoye umurwi w’abakora ubwo bubisha yari umupasitori, ariko ntiyashimye kumuvuga izina.
Umushikiranganji Ninteretse yagize ati :”Abagendana imipanga n’ubuhiri bashaka kugirira nabi abo mu ntara ya Bururi bose twarabafashe”
Yongeye ko ati :”Uwari abarongoye yarafashwe , Imana yaradufashije turamenya uwo ari, mugabo twovuga ko ari idayimoni yari itwinyegejemwo. Yavuga ngo ni umupasitori , ukuboko kumwe kukaba kurimwo bibiliya ukundi kurimwo intambi yo kwica abarundi benewacu”.
Nubwo umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu atavuze izina ry’uwo mu pasitori yararongoye uwo murwi wica I Bururi, Tubamenyeshe ko bamwe mu bantu bafashwe bagirizwa gukora ubwo bwicanyi hakoreshejwe imipanga muri komine n’intara ya Burundi bavuze izina ry’uwitwa Yoweli Ndagije, asanzwe ari umudandaza akaba n’umukozi w’Imana azwi cane ku murwa mukuru w’intara ya Bururi ko ariwe yabatuma mugukora ubwo bubisha abanje kubaha amafaranga ya avanse y’ibihumbi ijana vy’amafaranga y’amarundi maze ayasigaye ibihumbi amajana abiri bakabihabwa ari uko bishe umuntu.
Recent Comments