Mu bushinwa imiryango yemerewe kuva ku bana babiri ahubwo ikavyara abana batatu.

0
Bamwe mu bana n'abavyeyi babo i Beijing

Mu gihugu c’Ubushinwa hongerejwe igitigiri c’abana imiryango yemerewe kuvyara: bavuye ku bana babiri baja kuri batatu. Itororokanirizo ry’amakuru y’Ubushinwa, Xinhua, ryatangaje ano makuru rivuga ko iyi ngingo yafatiwe mu nama y’umugambwe wa gikoministe yari irongowe na Prezida Xi Jinping, yafashwe bivuye ku bitigiri vy’abana bavuka vyagabanutse cane muri ico gihugu.

Prezida Xi Jinping yavuze ko ino ngingo izoherekezwa n’izindi ngingo zo gushigikira politike yo kugwiza uruvyaro no gutuma abakiri bato baba benshi gusumba abageze mu za bukuru. Ariko ntiyigeze atomora uko izo ngingo zizoherekeza iyo politike nshasha zizoba zimeze.

Mu 2016, Ubushinwa bwafashe ingingo nk’iyi burekurira imiryango kuvyara abana babiri mu gihe uwa yemerewe kuvuka yar’umwe. Ico gihe naho nyene bwashaka kongereza ibiharuro vy’abana bavuka ariko kubera ubuzima buzimvye, imiryango itari mike yabandanije yivyarira umwana umwe rudende.

Rusansuma iheruka gukorwa mu Bushinwa yerekanye ko ibiharuro vy’abana bavuka ari ubwa mbere biri hasi cane kuva mu mwaka w’1950.