Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi LIGUE ITEKA rimenyesha mu cegeranyo caryo ko mu kiringo co kuva kuwa 24 gushika 30 Rusama uy-umwaka abantu bababa 20 ari bo bishwe murabo hakaba harimwo ibiziga umunani vy-abantu vyatowe mu mihingo itandukanye y-igihugu c-uburundi. Intara iza imbere mu zindi yatowemwo ivyo biziga ikaba ari intara ya Cibitoke aho hatowe ibiziga vy-abantu 5 vyari bimaze kwononekara cane mw-ishamba ryegereye ama komine ya Bukinanyana na Mabayi. Ikindi gitigiri c-abishwe kikaba cadugijwe n-abapfiriye mu bitero vya gerenade vyakozwe n-abantu batamenyekanye mu gisagara ca Bujumbura hari mw-ijoro ryo kuwa kabiri w-indwi yarangiye.
Ishirahamwe Ligue iteka riramenyesha kandi ko abantu bagera 37 bahagaritswe bidaciye mu mategeko murabo hakaba harimwo abakenyezi , n-abana .
Mu kurangiza, ishirahamwe LIGUE ITEKA ritunga urutoke imirwi yitwaje ibirwanisho, bamwe mu bapolisi, urwaruka rw-imbonerakure hamwe n-abamwe mu bajejwe intwaro ko aribo kenshi bari inyuma y-iryo honyangwa ry-agateka ka zina muntu mu Burundi.
Recent Comments