UBM News ads
Monday, December 4, 2023
No menu items!
UBM News ads

Abantu 20 nibo bishwe mu ndwi imwe murabo harimwo ibiziga 8 vyatowe ,bitangazwa na LIGUE ITEKA

Ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu mu Burundi LIGUE ITEKA rimenyesha mu cegeranyo caryo  ko mu kiringo co kuva kuwa 24 gushika 30 Rusama uy-umwaka  abantu bababa 20 ari bo bishwe  murabo hakaba harimwo ibiziga umunani vy-abantu vyatowe mu mihingo itandukanye y-igihugu c-uburundi. Intara iza imbere mu zindi yatowemwo ivyo biziga  ikaba ari intara ya Cibitoke aho hatowe  ibiziga vy-abantu 5 vyari bimaze kwononekara cane mw-ishamba ryegereye ama komine  ya Bukinanyana na Mabayi. Ikindi gitigiri c-abishwe kikaba cadugijwe  n-abapfiriye mu bitero vya gerenade vyakozwe n-abantu batamenyekanye mu gisagara ca Bujumbura hari mw-ijoro ryo kuwa kabiri w-indwi yarangiye.Ligue Iteka: Abarenga 65 Barishwe mu Mezi Atatu Aheze mu Burundi

Ishirahamwe  Ligue iteka  riramenyesha kandi ko abantu bagera 37 bahagaritswe bidaciye mu mategeko murabo hakaba harimwo  abakenyezi , n-abana .

Mu kurangiza, ishirahamwe LIGUE ITEKA ritunga urutoke imirwi yitwaje ibirwanisho,  bamwe mu bapolisi, urwaruka rw-imbonerakure hamwe n-abamwe mu bajejwe intwaro ko aribo kenshi  bari inyuma y-iryo honyangwa ry-agateka ka zina muntu mu Burundi.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments