Ibiciro vyo kwipimisha umugera wa Corona kurubibe gwo mu gatumba vyamenyekanye nk’uko bimenyeshwa na Thade NDIKUMANA.

0
Mu gihe umupaka wo mu Gatumba uri k’urubibe u Burundi buhana n’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo wari urindiranywe igishika, bamwe mu bari basanzwe bawukoresha baridoga yuko vyari vyiza kuwugurura ariko ko leta yaciye isharaho izindi ntambamyi mugushinga ibiciro vyo kwipimisha umugera wa Corona bisa n’ibiri hejuru.
Peut être une image de plein air et texte qui dit ’DISPOSITIF DE DEPISTAGE COVID-19’
Amadorari y’abanyamerika 30 ku banyamahanga hamwe n’amafaranga y’amarundi ibihumbi 15 ku barundi niyo ingenzi izotanga kugira ipimwe umugera wa Corona, yinjiye i Burundi iciye ku rubibe rwa Gatumba (urubibe Uburundi buhana n’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo), ruzokwugururwa kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 1 Ruheshi.
Icegera c’umukuru w’umugwi w’igihugu ujejwe kugwanya ico kiza, yabivuze ku muhingamo wo kuri uyu wa mbere, mu nama yari yatunganijwe n’uwo mugwi. Thaddée Ndikumana yasiguye ko abinjiye bose bazopimwa nk’uko bikorwa ku kibuga c’indege.
Muganga Ndikumana yamenyeje kandi ko ibikorwa nk’ivyo bizobera n’i Kobero hamwe n’i Mugina mu minsi iza. Yasavye abanyagihugu kubandanya bakurikiza ingingo zafashwe mu kwikingira ico kiza.