Mt Number One yasubiye muri Reta Zunzubumwe za Amerika

0

Mu gatondo ko kuruyu wa kane igenekerezo rya 28/4/2016 niho umuririmvyi Mt Number One yafata indege imusubiza mu gihugu ca Reta zunzubumwe za Amerika aho asanzwe akorera akazi kiwe ko kuririmba

Mt Number one akaba yaherekejwe na bamwe mu baririmvyi ba hano mu gihugu c’uburundi nka Masterland hamwe na Tity love,yaherekejwe kandi n’abamenyeshamakuru bajejwe guteza imbere umuziki w’uburundi aho twabonye nk’umwigeme Raissa Ininahazwe
Mt Number one arikumwe na masterland,tity love hamwe na Raissa Ininahazwe

Mt Number One akaba yaramaze ikiringo c’ukwezi hano mu gihugu ciwe c’amavukiro aho yari yaje kuraba umuryango wiwe no kuramutsa incuti ziwe yasize hano mu gihugu c’uburundi,Mt Number one akaba yararonkeyo akaryo ko gukora indirimbo zigera kuri 4 harimwo n’amasanamu

Ikinyamakuru ubmnews kikaba cifurije urugendo rwiza Mt nUMBER oNE