Big Fizzo arararikira abakunzi biwe ko bokwitega remix ya ”Forever”

0

Nyuma yo gukora igiteramo mu ndwi iheze mu gihugu ca uganda,umuririmvyi Mugani Desire abenshi bazi kw’izina rya Big Fizzo arabwira abakunzi biwe ko bokwitega remix y’indirimbo forever,aho Big Fizzo avugako iyo Remix yayikoranye na mugenzi we Dj Puiss
fizzo forever

Aganira n’abamenyeshamakuru bagenzi bacu Mugani Desire Big Fizzo akaba yamenyesheje ko vuba bokwitega iyo remix kandi yizeye ko izoshobora gushimisha abantu benshi na cane cane abakunzi biwe

Tworangiza tubamenyesha ko Big Fizzo avuze uko mu gihe hasigaye indwi zigera kuri zibiri gusa aze mu gisagara ca bujumbura aho azoba aje mu giteramo