Indirimbo nshasha idasanzwe y’umuririmvyi Msela Sellah igiye gusohoka

0

Indirimbo yitezwe n’abantu benshi y’umuririmvyi w’umurundi aba muri Leta zunze ubumwe za America ” Msela Sellah , igiye gusohoka murino minsi yavuba nkuko uno muririmvyi yari yaravyemereye aba fans biwe.

Msela Sellah

Msela Sellah aho yaganira n’umumenyeshamakuru wa UBM News, we yatubwiye ko indirimbo yimirije gusohora yizera neza ko izokundwa n’abantu benshi kubwivyo akaba asaba aba fans biwe ko boguma bayiteze.

We yagize ati : indirimbo TUJIJUKE BARUNDI ndiko ndakora izosohoka kuyu wagatanu wiyindwi, kubwivyo nkaba ngiriyeho nsaba aba fans banje bose ko boguma bayiteze kuko izoza imeza neza cane.


Imwe mu ndirimbo yakunzwe cane Msela Sellah amaze gusohora