Mt number one abazaniye iyindi video nshasha izwi kwizina rya ” Miss Independent

0

Mt number one​ , umwe mu baririmvyi b’abarundi baba muri America akunzwe cane ndetse amaze kubaka izina rikomeye m’umuziki ndundi, nyuma yaho asohoreye indirimbo yakunzwe nabatari bake izwi kwizina rya ” Melody yakoranye n’umuririmvyikazi Esther , ubu naho uno muririmvyi agiye gusohora iyindi video nshasha.

mt number onee
Hano yari yatumiwe kuri Radio Isanganiro

Mu kiganiro yakoranye n’umumenyeshamakuru wa UBM News, uno muririmvyi yavuze ko video yindirimbo ya ” Miss Independent ” igiye gusohoka mu minsi yavuba kandi akaba yizera ko izokundwa n’abenshi kuko ikoze neza cane.

Mt number one
Aha naho yari kuri Radio nkuru yigihugu c’Uburundi ” RTNB

UBM News tubibutse ko Mt Number one aheruka mu gihugu cu Burundi, akaba yarashoboye kuganiriza aba fans biwe aciye kumaradiyo atandukanye , aho twovuga ko yatumiwe kuri Radio Isanganiro hamwe no kuri Radio nkuru yigihugu ( RTNB ).