Lolilo yungutse ikindi kibondo

0

Mw’ijoro twaraye turangije wari umunezero udasanzwe mu muryango wa Nzeyimana Nassor Saloum Lolilo kubona umutambukanyi wiwe loliane yibarutse umwana w’umuhungu,umwana bahisemwo kumwita Ingabire Nassor Saloum
lolilo yungutse uwundi mwana
Nkuko rero amakuru dufitiye ivyemeza nuko umutambukanyi wa LOlilo ariwe loliane yashoboye kwibaruka ku munsi w’ejo igihe c’isaha indwi n’iminota indwi z’ijoro,yibarukira mu bitaro vya Prince Regent Charles,yibaruka umwana w’umuhungu
Mu gatondo ko kuri uyu wa kabiri,abamenyeshamakuru b’ikinyamakuru canyu ubmnews bari bishikiye ngaho mu bitaro umutambukanyi wa Lolilo yashoboye kwibarukiramwo tukaba twasanze ari impundu gusa kuko umuryango wa lolilo ndetse n’umuryango wa loliane bari baryohewe cane,ikindi naco nuko twahasanzwe na bamwe mu baririmvyi b’abarundi bari bahishikiye kugira bakeze uyo muririmvyi w’umurundi lolilo

Tworangiza tubamenyesha ko uyo mwana agize kane kuri lolilo,mu gihe kwa loliane agize umwana agira uwa mbere