Miss Claudia agiye gutuma Sat-B agaruka mu Burundi

0

Umwigeme ariko ahatanira ihiganwa rya Miss Burundi ariwe Claudia yoba agiye gutuma umuririmvyi,umwanditsi w’indirimbo ”Satura ama bafle” ariwe Bizimana Aboubackar Karoum abenshi bazi kw’izian rya Sat-b agaruka mu gihugu ciwe c’amavukiro kuko uyo muririmvyi ari mu baririmvyi bashigikiye uyo mwigeme ko yotorwa agatwara iryo higanwa rya Miss Burundi
claudia

Aganira n’ikinyamakuru cacu ubmnews,Sat-b akaba yavuze ko agerageje kuraba wewe abona ko umwigeme claudia ariwe akwiye gutwara iryo higanwa,
Ivyo bije mu gihe abaririmvyi bamwe bamwe bamaze iminsi baha amahigwe abigeme babona ko kubwabo botahukana iryo higanwa rya Miss Burundi

Mbega Sat-b asaba iki?
Sat-b asaba yuko abarundi bomurunda amajwi uyo mwigeme agatahukana iryo higanwa
Ku mutora claudia biroroshe,uja ku rubuga ngurukana bumenyi rwa facebook rwa Miss Burundi 2016-2017 ukaraba ifoto yuyo claudia ukaca uyikunda ukaba umuhaye imigisha yo gutahukana iryo higanwa